homepageInkinointamba murugambakirundikirundi_Sports

Ndikumana Trésor yashize umukono ku masezerano yo gukinira Gasogi Fc

Kuri uyu wa mbere waraye uheze igenekerezo rya 16 Kigarama 2019 , niho umugwi Gasogi Fc wo mu cicaro ca mbere mu gihugu c’Urwanda waha amasezerano y’umwaka n’igice umukinyi w’umurundi Ndikumana Trésor.

Ndikumana Trésor akaba agiye gukinira uyo mugwi wa Gasogi Fc inyuma yo guhagarika amasezerano n’umugwi Ac Leopard Fc wo mu gihugu ca Kenya wari umaze imisi umuheraniye amezi atari make y’umushahara .

Rikaba atari irya mbere uyo mukinyi akinira mu gihugu c’Urwanda kuko imbere y’uko yerekeza muri Kenya yakina mu mugwi Amagaju Fc.

Trésor akaba ari umwe mu bakinyi beza bo hagati Uburundi bufise muri kano karere naho adakunda guhamagarwa mu mugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 884