abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

#Indundi Sports| Ndikuriyo ati: ’’Ibintu vyo kwakirira hanze bituma dutakaza ukwikukira”

Iyo Uburundi bwakiriye inkino mpuzamakungu hanze y’igihugu bituma butakaza ukwikukira.

Ivyo bikaba vyashikirijwe na Honorable Réverien Prezida d’honneur wa FFB mugihe yari ariko akorera ibikorwa rusangi ku kibuga intwari aho ico kibuga kiriko gisubirwamwo gushasha kugira kize kirakira inkino mpuzamakungu.

Honorable Réverien Ndikuriyo akaba yaravuze ati: “Amajambo ntakenerwa hakenewe ibikorwa, haraheze imisi itari mike mwumva y’uko igihigu cacu kiri mu bihugu vyo muri Africa vyafatiwe ibihano ku bijanye n’inkino mpuzamakungu , si twebwe gusa ngaha mu karere n’Urwanda baheruka kurukurako ibihano vuba mugabo ibihugu vyinshi nka za Uganda , za Sudani y’epfo , za Namibia n’ibihugu vyinshi vyo muri Africa bafatiye ibihano. Mugabo murazi y’uko twebwe no mu 2015 baradufatiye ibihano muga duca dushiramwo inguvu nyinshi mu mwimbu hama turabaho tutazera inze. Kubera rero ibi bintu vyo gukinira hanze y’igihugu bituma dutakaza akantu mu bijanye no kwikukira kwacu nk’Uburundi bwa Nyaburunga nk’uburundi bwa Ntare Rushatsi Cambarantama , nk’Uburundi bwa Ntare Rugamba , Mwezi Gisabo, bwa Rwagasore , Ndadaye na sogokuru wacu Général Ndayishimiye.”

Mwomenyako Umukuru w’igihugu yabasavye y’uko ico kibuga mu mezi 8 kibe camaze kurangura gutyo gitangura kuza kirakira inkino mpuzamakungu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 321