abakinyi bakina hanzefootballInkinointamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Nduwayo Stanley yaryamiye ukuboko kw’abagabo

Umukinyi wa kera mu mirwi nserukiragihugu intamba mu rugamba na Vital’o Fc , Nduwayo Stanley yaryamiye ukuboko kw’abagabo .

 

Dr Wilson asanzwe avukana n’umuhisi Nduwayo Stanley Maradona , avuga ko basanze yaguye mu bwogero arikwo guca bamutwara kwa mu ganga basanga yamaze gucikana .

Maradona ni umukinyi wa kera atazopfa yibagiwe mu gihugu c’Uburundi bivanye n’ubuhinga yari afise mu kibuga ,ivyo yafashije Umugwi Vital’o Fc kera .

Yavutse mu mwaka w’1964 muri Commune Mwumba mu Ntara ya Ngozi , akaba yatanguye gukina umupira w’amaguru mumashure matoya y’intango ( Primaire) , mu mugwi uva muri Commune Gashikanwa mu Ntara ya Ngozi .

Inyuma yaho , inarume wiwe yari umwe mu bantu begereye cane umugwi wa Vital’o Fc ari niko guca amumanukana i Bujumbura muri uwo mugwi Vital’o Fc ashikira mu mugwi wa B ari niho yaciye atangura kumenyekanira.

Nyakwigendera  Stanley batazira Maradona akaba ashengeye asize abana babiri b’abakobwa.

Mwomenya ko haciye amezi Umuhisi Stanley Maradona akoze isanganya rikomeye cane , iryo sanganya ryatumye ahakwa kuhasiga ubuzima , ivyatumye agarukirwa n’abatari bake harimwo Uwutwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi Gén de Bgde de Police Muyenge Alexandre , umugwi w’abakinyi bakera Les Amis hamwe na La Solidarité.

Mukibuka ko Umuhisi Président Nkurunziza, yagiye kwitaba Imana asize yubakiye Inzu Nyakigendera Nduwayo Stanley ndetse aranamwitirira n’izina ry’ikibuga kiri I ngozi commume Mwumba , Ibuye .

Indundi Magazine mu gisata cayo ca Sports ikaba ihojeje ubwambere umuryango w’amaraso, umuryango w’abakunzi biwe mu pira w’amaguru, inamwifurije uburuhukiro bwiza.

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 321