abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Ngama Emanuel yaguzwe na As Muhanga yo mu cicaro ca kabiri mu Rwanda

 

Umukinyi w’umusatirizi w’umurundi Ngama Emanuel yaguzwe muri As Muhanga ikina mu cicaro ca mbere mu gihugu c’Urwanda .

Uwo mukinyi akaba yashize umukono ku masezerano yo gukinira uwo murwi mu kiringo c’amezi 6.

Ngama yahora akinira mu murwi wa Bs Dynamic ukina mu cicaro ca mbere hano iwacu .

Mwomenyako Ngama Emanuel yigeze gukinira imirwi itandukanye ya hano iwacu ndetse no mu karere aho twovuga nko mu Burundi yakiniye imirwi ya Inter Petrol , Maniema , Athletico Olympic mu Rwanda yakiniye Mukura Vs na As Kigali mu buganda yakiniye Fc URA muri Kenya akina muri Afc Leopard hamwe na Tusker muri Tanzania yakinye mu murwi wa Diamond trust bank football club , yarakinye no mu bwongereza mu murwi wa Reading asubira kandi akina mu bubirigi mu murwi wa FCV Dender .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 321