homepageInkinointamba murugambakirundikirundi_Sports

Nizigiyimana Karim yasezerewe muri Wazito Fc

Kizigeza w’intamba mu rugamba mu myaka iheze Nizigiyimana Abdoul Karim batazira Makenz yasezerewe mu mugwi Wazito Fc ukina mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Kenya .

Umugwi Wazito Fc ukaba wasezereye abakinyi 4 ku musi wa gatandatu uheze igenekerezigenekerezo rya 14 Kigarama 2019 kumvo z’uko umusaruro wabo bakinyi utari ushimishije bakavuga y’uko bagiye kurondera abandi bazobafasha mu nkino zo gusubiriza.

Nizigiyimana Karim Makenz yari amaze imisi agaragara mu kibuga ariko kenshi uyo mukinyi yakunda kugombora n’izindi nkino zimwe zimwe wasanga adakinishwa.

Wazito Fc akaba ari umugwi mushasha wavuye mu cicaro ca kabiri uyo mugwi ntakibazo c’amahera wari usanzwe ufise bivanye n’uko nyene uyo mugwi ari umugwizatunga akomeye muri ico gihugu.

Mukamenya y’uko imigwi myinshi yo muri Kenya ko isanzwe ifise ikibazo c’amahera bivanye n’uko batagifise Sponsor ya Sportpesa yakunda gufasha imigwi yo muri ico gihugu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 884