abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Nkurunziza Yanick wa Aigle Noir Cs yerekeje muri Turkey

Umukinyi wo hagati w’umugwi Aigle Noir Cs Nkurunziza Yanick batazira Mkude yerekeje mu gihugu ca Turkey.

Yanick akaba yafashe indege kuri uyu wa gatatu waraye uheze igenekerezo rya 14 Kigarama 2022 yerekeza muri ico gihugu ca Turkey kugeragezwa mu mugwi wa Antalyasport ukina mu cicaro ca mbere .

Yanick ni umwe mu bakinyi beza cane bakina kuri gatandatu umugwi Aigle Noir Cs ufise. Uwo mukinyi imbere y’uko yerekeza mu gihugu ca Turkey yari yagiye kugeragezwa mu gihugu ca Africa y’epfo ari kumwe na mugenziwe Ndikumana Asman Garden ariko bica bigenda birangira bose basubiye mu Burundi .

Mukibuka y’uko ahambije abandi bakinyi b’abarundi bakina muri ico gihugu nka Ndayishimiye Youssuf akina muri Istanbul Basaksehir, Nshimirimana Jospin akina muri Malatyasport, Irakoze Piclaire akina muri Malatyasport hamwe na Banza Patrick Kanianga akina muri Sakaryasport.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 321