footballhomepagekirundi_Sports

# Indundi Sports | Nshimirimana Jospin agiye gukinira umugwi wo mu gihugu ca Turquie

 

Inyuma y’umwaka urenga ata mugwi abarizwamwo , Jospin Nshimirimana yaronse umugwi mushasha.

Uwo mukinyi akaba agiye gukinira umugwi wo mu cicaro ca kabiri muri Turquie witwa Sanliurfspor mu kiringo c’umwaka n’igice .

Ihiganwa ryo mu cicaro ca kabiri muri kino gihe rikaba rigeze ku ndwi ya 4, mugihe uwo mugwi wa Sanliursport uhagaze mu kibanza ca 5 n’amanota 8.

Mukibuka ko uwo mukinyi yasivye urukino rw’Intamba mu rugamba na Cameroun ku mvo z’uko yari akishakisha umugwi .

Mwomenya ko Jospin Nshimirimana atari ubwa mbere akina muri Turquie kuko mu mwaka uheze yakina muri Malatyasport.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 830