homepageArsenalComediesInkinointamba murugambakirundikirundi_SportsYvan muziki

Nyakwigendera Papy Faty yaraye asezerewe ubwanyuma muri Africa y’epfo

Nyakwigendera Papy Faty yaraye asezerewe ubwanyuma n’abakunzi b’intamba basanzwe baba mu gihugu ca Africa y’epfo , incuti n’abagenzi biwe bakinana muri ico gihugu.

Nyakwigendera Papy Faty akaba amaze indwi 2 yitavye Imana aguye mu kibuga mu rukino rw’ihiganwa ryo muri Swaziland igihe umugwi yahora akinamwo ariwo Melanti Chiefs wariko uratana mu mitwe n’umugwi Green Mamba.

Ikiziga ca nyakwigendera Papy Faty kikaba citezwe gushika ku kibuga c’indege ca Bujumbura kuri uyu wa kane igenekerezo rya 09 Rusama umwaka wa 2019 igihe c’isaha indwi z’umutaga (13h00).

Urupfu rw’uyo mukinyi w’intamba mu rugamba nyakwigendera Papy Faty rukaba rwababaje abantu benshi cane harimwo n’abahoze bakinana mu mugwi w’intamba mu rugamba.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 884