homepageintamba murugambakirundikirundi_Sports

Olivier Niyungeko ngo gutanga imihoho ntibishoboka, babikure mu mutwe

Mu gihe intamba zari zihejeje gutsindwa ibitsindo 3-0 n’umugwi wa Maroc kuri uyu wa kabiri waraye uheze igenekerezo rya 20 Munyonyo 2019 isaha icenda 15h00 ku kibuga c’intwari kiri i Bujumbura, unumenyereza w’intamba mu rugamba Alain Olivier Niyungeko yishuye ibibazo vy’abanditsi n’abamenyeshamakuru kuvyerekeye urwo rukino.

Alain Olivier Niyungeko yavuze y’uko umugwi wa Maroc waturushije ubuhinga (Expérience ) kandi n’ibitsindo binjije biri ku rwerwo rw’abakinyi babigize umwuga “Professionels”.

“Ivyavuze ni vyinshi iwacu uravye urugero rwa Maroc urabona y’uko baturusha bimwe bita Expérience kandi mwabonye n’ibitsindo badutsinze biri kuri rwa rwerwo rw’abakinyi babigize umwuga Professional cane cane igitsindo ca gatatu .

Olivier Niyungeko yabajijwe impamvu yatumye akinisha Gael Duhayindavyi kuruhande rw’inyuma mugihe abantu bari bamumenyereye nk’uwukina hagati ko bitoba biri muvyatumye atsindwa?

Akaba yagize ati : “Oyaha uravye ingene harya inyuma hahobahoba hariya muri Centre Afrique mwabonye y’uko hakenewe abakinyi bafise Experience niyo mpamvu twagomvye kuzibira ku ruhande kandi nibaza ko tutatsinzwe kubera hagati canke ku ruhande ahanini twatsinzwe kubera Expérience ubuhinga”.

Abajijwe ingene yoba agiye kwitegurira izindi nkino zikurikira akaba yishuye ati” dusigaje inkino zine barya bakinyi bataje n’ibintu bigoye gusigura harya hamaze kubura abakinyi batanu ahubwo ni ukugenda tukabandanya kuko mwabonye ko icigwa gikomeye izo nkino zaba Senior zisaba ubuhinga (Expérience ) bwinshi ubu rero ntimuzosubire kuvuga ngo naka ba bana tubareke bakore tubanze dukoreshe abakuze bapfume bananirwa bakuze”.

Abajijwe ikibazo c’uko yokurikiza ivyo abanyagihugu baskaka naco sikindi ni ugutanga imihoho, Olivier yishuye ati :

“Je gutanga imihoho ntibishoboka ivyo nibabikure mu mutwe Président wa FFB akavuga ati Olivier vyakunaniye. Ubuheruka narabimubwiye mugabo yavuze ati Coach ni jewe mbona akazi uriko urakora; kuvuga gutanga imihoho iyi turiko turamenyereza si Barcelona canke Chelsea n’ukuraba abo bavuga ni bande erega abo babivuga urashobora gusanga ari abagomba kwonona mugabo ntangorane
ntibabinsaba abampaye akazi umuntu arashobora kubigira nibaza ko atangorane n’imwe irimwo”.

Alain Olivier Niyungeko akaba yaraye atakaje urukino rugira kabiri inyuma yo gutsindirwa i Bangui na Républic Centre Africaine ibitsindo 2-0.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 884