homepageArsenalComediesInkinointamba murugambakirundikirundi_SportsYvan muziki

Papy Faty yashinguranwe iteka

Umuhisi Papy Faty yashinguranwe iteka mw’itongo ry’abapfuye ryo ku Mpanda .

Inyuma y’aho ikiziga c’umukinyi w’intamba mu rugamba Papy Faty gishikaniwe ku kibuga c’indege ca Bujumbura, kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 10 Rusama umwaka wa 2019 niho uwo muhisi Papy Faty yashinguranwa iteka n’incuti, abagenzi, abakunzi biwe, abo bakinanye mu mugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba, umumenyereza w’intamba mu rugamba , abarongozi b’umugwi yari asanzwe akinamwo muri Eswatini mu gihugu ca Swaziland , abigeze gutwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB mu myaka iheze, abarongoye ubushikirangaji bw’inkino n’imicokama eka na bamwe mu barongoye inzego z’igihugu , tutibagiye n’abagwizatunga batandukanye bari bahishikiye gushingurana iteka uyo muhisi.

Papy Faty akaba yitavye Imana aguye mu kibuga giturumbuka kw’igenekerezo rya 25 Ndamukiza umwaka wa 2019, igihe umugwi yari asanzwe akinamwo Melanti Chiefs wariko uratana mu mitwe na Green Mamba mu rukino rwo mw’ihiganwa ryo muri Eswatini.

Ukwanka guhagarika ivyo gukina no kwanka kubagwa umutima nivyo ngo vyoba vyatumye Papy Faty ahitanwa n’iyo ngwara y’umutima.

Papy akaba yarakuriye mu mugwi Gillete Fc mu nyuma afatwa n’ingwara y’igituntu ivyatumye umugwi wa Gillette Fc umutanga ku buntu muri Maniema Fantsic mu mwaka wa 2004 ahakina imyaka 3 mu mwaka wa wa 2007 aca agurwa n’umugwi Inter Star wari ugikina mu cicaro cambere ico gihe, aho naho ntiyahakinye n’amezi 8 kubera ubukerebutsi yari afise mu kibuga yaciye agurwa n’umugwi wo mu gihugu ca Tirikiya witwa Trabzinsport mu mwaka wa 2008, mu nyuma yaho mu mwaka wa 2009 , uyo mugwi waciye umutiza mu gihugu ca Holland mu mugwi wa Maanstricht. Mu mwaka wa 2011 Papy Faty yarasubiye muri Africa akina mu gihugu c’urwanda mu mugwi APR FC aho naho akaba yarahakinye umwaka umwe mu mwaka wa 2012 aca agurwa mu gihugu ca Africa y’epfo mu mugwi Bidvest University aho akaba yarahakiniye imyaka 3 gushika mu mwaka wa 2015 , niko guca bamutora ingwaya y’umutima abona guhagarika imyaka 2 adakina ivyatumye adahamagarwa mu mugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba. Mu nyuma yaho mu mwaka wa 2018 Papy yasubiye mu kibuga akinira amezi 6 umugwi Real Kings wo mu cicaro cakabiri muri Africa y’epfo , mu umwaka wa 2019 niho guca yerekeza muri Eswatini akaba yitavye Imana yari ahakiniye amezi atatu n’igice gusa.

Imana imwakire mu bwami bwayo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 884