abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Patrick Kanianga na Enock Nsabumukama muri Bumamuru Fc?

 

Umurwi Bumamuru Fc uriko wiyubaka bimwe bikomeye inyuma y’umuzo w’umumenyereza Joslin Bipfubusa.

Biravurwa ko umurwi Bumamuru Fc umaze kugura abakinyi bashika kuri 4 bakomeye kugira baze bawufashe mu nkino zogusubiriza za Primus League 2022-2023.

Abakinyi Bumamuru Fc imaze kuzana kand bamaze gukina ni ndaye Chancel umukinyi w’inyuma wakera wa LLBs4A hamwe na Mabano Shabani yigeze gukinira Aigle Noir Cs .

Abandi bakinyi bivurwa ko bashobora gusinya muri uwo murwi ni Patrick Kanianga yahora akina muri Turquie mu murwi wo mu cicaro ca kabiri witwa Sakaryasport hamwe na Enock Nsabumukama yahora akina muri Zambia mu murwi wa Napsa Star wewe ngo vyoba vyarangiye .

Mwomenyako Joslin Bipfubusa ariko azana abo bakinyi ariwe yaronkesheje Bumamuru Fc igikombe c’Umukuru w’igihugu mu mwaka wa 2022.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 321