homepageInkinointamba murugambakirundikirundi_Sports

Pierrot Kwizera agiye kwitabira ubutumire yahawe na Ac Kotoko yo muri Ghana

Inyuma yo kugurwa na As Kigali imyaka 2 kuva mu ntango z’ihiganwa ryo mu Rwanda ariko ntabashe kuyikinira bivanye n’imvune yakuye mu mugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba uyo mukinyi wo hagati w’intamba agiye kwitabira ubutumire yahawe na Ac Kotoko yo mu gihugu ca Ghana.

Mu kiganiro umunyamabanga w’umugwi wa As Kigali yagiraniye na kimwe mu binyamakuru vy’Urwanda yavuze y’uko uyo mukinyi w’umurundi yahawe ubutumire buvuye mu mugwi As Kotoko wo muri Ghana abasaba uruhusha nabo baraheza baramwemerera uyo mugwi uramutse umushimye uzoca wumvikana na As Kigali.

Akaba yagize ati : “Yatubwiye y’uko umugwi wo muri Ghana wamutumyeko twe ntitwobuza amahirwe umukinyi twaciye tumuha uhurusha nibamushima bashobora kuza tukumvikana”.

Bikavuga y’uko Pierrot Kwizera agiye kugeragezwa muri uyo mugwi mbere akazogeragezwa mu kiringo c’imisi 6 munyuma agaca asubira mu Rwanda.

Pierrot Kwizera akaba yari afise ikibazo kw’itako ryiwe ry’ibubampfu muri kino gihe akaba ameze neza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 884