abakinyi bakina hanzeBasketballkirundikirundi_Sports

# Indundi Sports | Remesha na Young Sisters batahukana ibikombe vya Nani Mkali 2023

Umurwi wa Remesha BBC waraye utangaje abakunzi ba basketball utahukanye igikombe ca Nani Mkali 2023 utsinze Urunani ku manota 67 kuri 55 .

Uwo murwi ukaba waciye uba umurwi ugira kabiri utwaye igikombe ca Nani Mkali , inyuma ya Dynamo yagitwaye mu mwaka uheze .

ku ruhande rw’abigeme naho umurwi Young Sisters niwo waraye utwaye igikombe utsinze Les Gazelles ku manota 73 kuri 67 .

Mwomenya ko umukinyi Guibert Nijimbere w’Urunani yagaragaye mu rukino rwahuje Urunani na Remesha ariko ataco yafashije umurwi wiwe .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 659