BurundiComedieshomepageintamba murugambakirundikirundi_SportsYvan muziki

RTNB ishobora gucibwa ihadabu ringana na $10,000

Insamirizi na Terevisiyo vya Repubirika y’Uburundi (RTNB) ngo yoba igiye kurihishwa ihadabu ingana n’amafaranga ibihumbi icumi vy’amanyamerika biturutse ko ngo yoba yarahonyanze amategeko ikerekana ku mboneshakure yayo urukino rw’umupira w’amaguru ruheruka guhuza Uburundi na Gabon.

Nk’uko bibonekera mu rwandiko rwashizwe ahabona kuri uyu w’Imana waraye uheze, igenekerezo rya 31 Ntwarante 2019, ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afrika CAF rimenyesha ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB ko rigiye kurihisha iradiyo na Terevisiyo vy’igihugu ihadabu rindana n’ibihumbi icumi vy’amadorari y’abanyamerika kuo ngo vyagaragaye ko yerekanye urukino rwahuje Uburundi na Gabon kandi urwo rukino rwari rwerewe guca ku mirongo ya CANAL+ hamwe na SUPERSPORT gusa.

Amaze kubona urwo rwandiko, umuyobozi w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi Honorable Reveriyano Ndikumana yaciye aashikiriza ibi bikurikira : “Mugihe twari twasavye abantu bose ko bibujijwe gufata amashusho no kwetekana urukino rwahuje BURUNDI VS GABON, nkuko twari twabisabwe, ko CANAL+ na SUPERSPORT aribo bari bemerewe kwerekana urwo rukino, bakaba basavye AZAM TV ko yoza kurushira kuri Satellite , duhejeje kuronka urwandiko ruvuye muri CAF, ruca amande Federation de Football du Burundi angana na 10,000$ kubera RNTB yoba yarerekanye urwo rukino itagira uruhusha ruvuye muri CAF.
Kubera ivyo, dusavye ababijejwe kugira amatohoza kubijanye n’ingene RTNB yerekanye urwo rukino.
Abazoba babifisemwo uruhara bose nibo bazoriha ayo mahera.
Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi ntaco ritari ryagize kugira ama Camera yose ntihagire n’imwe iraba mu kibuga kiretse iza AZAMTV”.

Turasavye ko ibijanye n’umupira w’amaguru, vyobazwa abarongoye iryo shirahamwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 891