abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Saidi Ntibazonkiza ngo ni iteka ridasanzwe gukina mu mugwi ukunzwe n’umuryango wiwe

Umukinyi w’Intamba mu rugamba Saidi Ntibazonkiza yaraye ashize umukono ku masezerano yo gukinira umugwi Simba Sc wo mu gisagara ca Dar es saalam.

Saido akaba yashize umukono kumasezerano yo gukinira uwo mugwi mu kiringo c’umwaka n’igice .

Ari kuri Mirco ya Simba Sc uwo mukinyi yavuze y’uko aryohewe kubona agiye gukina mu mugwi ukunzwe n’umuryango wiwe harimwo Se wiwe , umwana wiwe wa mbere hamwe n’umugore wiwe .

Saidi Ntibazonkiza abaye umukinyi agira kabiri w’umurundi akiniye imigwi ikomeye idacana uwaka yo mu gisagaca ca Dar es Saalam mu gihugu ca Tanzania inyuma ya Tambwe Amissi , ubwa mbere Saido yabanje gukinira Young Africans muri kino gihe agiye muri Simba Sc .

Mwomenyako uwo mukinyi yahora akinira umugwi wa Geita Gold aho yawufashije gutsinda ibitsindo 4 atanga ama pase 6.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 321