abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

#Indundi Sports| Saidi Ntibazonkiza yoba agiye kwerekeza mu mugwi Geita Gold?

Amakuru ariko acanacanako ku mbuga ngurukanabumenyi zo mu gihugu kibanyi ca Tanzania aravuga y’uko umugwi Geita Gold woba wamaze kwumvikana n’umukinyi w’umurundi Saidi Ntibazonkiza kugira aze kuwukinira.

Ku ruhande rw’umugwi Geita Gold bobo bavuga y’uko batararangiza ibiganiro n’uwo mukinyi.

Ku ruhande rwa Saidi Ntibazonkiza wewe ntarashima kugira ico ashikirije kuvyerekeye iyo nkuru.

Indundi Sports twasubiye kandi turegera umunyegori w’umurundi amaze kugurwa mu mugwi Geita Gold kugira atange umuco kuri iyo nkuru , ariko nawe nyene akaba atashimye kugira ico ashikirije.

Geita Gold ukaba ari umwe mu migwi izokina inkino za CAF Confederation Cup bivanye n’uko mu mwaka uheze wabaye uwa kane mw’ihiganwa ryo mu gihigu ca Tanzania NBC Premier League .

Mwomenya ko Saidi Ntibazonkiza gushika ubu ata mugwi aragira inyuma yo kurangiza amasezerano yari afise mu mugwi wa Young Africans.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 321