footballhomepageintamba murugambakirundikirundi_Sports

Saido Berahino na bagenziwe ntibakibonetse mu nkino z’intamba mu rugamba

Abakinyi b’abarundi bakina ku mugabane w’ iburaya barongowe na kizigenza w’intamba mu rugamba Saido Berahino bamaze gukurwa ku rutonde rw’abakinyi bari bitezwe gutana mu mitwe mu nkino zibiri zari kubahuza na Mauritanie mu ntumbero yo kurondera itike rya CAN 2021.

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB niryo ryafashe iyo ngingo mu ntumbero yo gukinga indwara ya Coronavirus aho ni inyuma yaho ubushikirangaji bw’amagara y’abantu no kurwanya Sida bufatiye ingingo yo kubika Umuntu wese avuye hanze y’ibihugu bimaze gutsinzikazwa nico kiza akabikwa ukwiwe mu gukinga iyo ndwara ya coronavirus yabaye ndanse kw’isi yose

Abakinyi bakina iburaya akaba ari aba bakurikira muri aba niho bari gutoramwo abaza kwifadikanya n’intamba mu rugamba :

1) Saido Berahino
2) Nduwarugira Christophe
3) Ramadhan Diamand
4) Ndayishimiye Youssuf Nyange
4) Joél Bacanamwo
5) Mohammed Amissi
6) Gaél Bigirimana
7) Parfait Bizoza
8) Jordi Liongola
9) Elvis Kamsoba
10) Bimenyimana bon fils Caleb

Bivugwa y’uko na Cédric Amissi akina muri Arabia Saoudite ashobora kutaboneka muri izo nkino zibiri zo kurondera itike ya CAN 2021 rizobera muri Cameroun bivanye n’uko ata muntu n’umwe yemerewe gusohoka muri ico gihugu .

Mukamenya y’uko urukino rwambere ruzoba igenekerezo rya 25 mugihe urwo gusubiriza ruzoba igenekerezo rya 29 Ntwarante .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 891