abakinyi bakina hanzefootballhomepageintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Saido Ntibazonkiza yaraye yinjije ibitsindo 5 yitirirwa wenyene

Naho atatumweko mu murwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba Saido Ntibazonkiza ntasiba kwerekana ubushobozi afise mu murwi wa Simba Sc .

Hari kuri uwu wa kabiri  igenekerezo rya 06 Ruheshi 2023 , aho umurwi Simba Sc wahura n’umurwi Polisi Fc mu rukino rw’indwi igira 29 rw’ihiganwa rikuru ry’igihugu ca Tanzania ( NBC Premier League).
Urwo rukino rwarangiye ari ibitsindo 6 vya Simba Sc kuri 1 ca Polisi Fc .

Muri ivyo bitsindo 6 vya Simba Sc harimwo ibitsindo 5  vya Saido Ntibazonkiza aho ivyo bitsindo vyose yavyinjije ku minota ya 16,21,27,79,89.

 

 

Saido akaba yaciye afata ikibanza ca kabiri mu bakinyi bafise ibitsindo vyinshi mu gihugu ca Tanzania aho yaciye akwiza ibitsindo 15 mugihe uwa mbere ari Fiston Kalala Mayele amusumba igitsindo kimwe gusa kuko wewe afise ibitsindo 16.

Mwomenya ko Saido Ntibazonkiza atashizwe ku rutonde rw’abakinyi bazotana mu mitwe n’umurwi nserukira gihugu wa Namibie ruzoba igenekerezo rya 20 Ruheshi 2023 mu gisagara ca Dar Es Salaam bivanye n’uko umumenyereza mukuru w’Intamba mu rugamba yavuze y’uko atari mu migambi yiwe .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 851