abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Sudi Abdallah yaguzwe muri Malaysia

 

Umukinyi w’umusatirizi w’Intamba mu rugamba Sudi Abdallah abarizwa muri Malaysia.

Ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 14 Nzero 2023 niho umukinyi w’umusatirizi w’intamba mu rugamba Sudi Abdallah yashira umukono ku masezerano yo gukinira umurwi wa Kuching City Fc wo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Malaysia .

Sudi Abdallah akaba yahora mu murwi wo mu cicaro ca mbere mu gihigu ca Iraq witwa Alnaft.

Vyavurwa ko uwo mukinyi azokinira uwo murwi mu kuringo c’umwaka ariko birangiye awukiniye amezi 4 gusa .

 

Mwomenya ko uwusanzwe ahagarikira ibikorwa vya Sudi Abdallah ari Manager w’Intamba mu rugamba Mutima Constantin .

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 321