abakinyi bakina hanzefootballkirundikirundi_Sports

# Indundi Sports | Thilo Kehrer ashobora kwerekeza mu bwongereza

Inyuma yo kuboneka mu rutonde rw’abakinyi PSG itazokwifashisha muri uno mwaka umukinyi Thilo Kehrer afise umuvyeyi umwe yamuka mu Burundi ashobora kwerekeza mu bwongereza.

Thilo Kehrer vyavurwa ko ashobora kwerekeza muri Espagne mu mugwi Fc Seville ariko ntivyigeze bikunda . Amakuru dukura kuri kimwe mu bimenyeshamakuru vyo mu bwongereza Sky Sports avuga ko uwo mukinyi ariko yipfuzwa cane na West Ham United.

Mwokwibukako Thilo Kehrer mu mezi aheze yari yaje hano mu Burundi mu ntumbero yo kwuguruza Ikigo ciwe citiriwe izina rya Thilo Kehrer Fondation.

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 674