abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Uburundi bubandanya bwifata neza muri Qatar mu gikombe c’isi

Umugwi imboneza wa New Génération w’abana bahoze mw’ibaraba usanzwe umenyerezwa na Coach Gakinja Simon , uriko userukira Uburundi mu gikombe c’isi kiriko kibera muri Qatar uriko uvyitwaramwo neza .

Ico gikombe c’isi c’abana bahoze mw’ibarabara citabiriwe n’ibihugu 28 vyo kw’isi .

Mu nkino zine Uburundi bumaze gukina , bwatsinze inkino 2 bunganya zibiri nta rukina narumwe buratakaza .

Uku niko batsindanye:
————————-

– Burundi 2-0 Qatar
– Burundi 0-0 Pakistan
– Burundi 0-0 Soudan
– Burundi 1-0 Bosnie

Uburundi bukaba bufise amanota 8 , bukaba bwaronse n’amahirwe yo kwitabira urukino rw’igice 1/4 gishira icanyuma .

Kuri uyu wa Gatandatu igenekerezo rya 15 Gitugutu 2022 , Uburundi buza guhura na Syria mu rukino rw’igice 1/4 gishira icanyuma .

Mwomenya ko ribaye irigira 3 Uburundi bwitabiriye ico gikombe aho ubwambere hari muri 2014 muri Brezil baca bavayo baronse ikibanza ca 2 , ubugira kabiri naho bitariye ico gikombe hari mu Burusiya aho baronse ikibanza ca 3.

 

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 321