abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Uburundi buzokina na Kenya hamwe na Indonesie

Umurwi nserukira gihigu w’Uburundi Intamba mu rugamba ugiye gukina inkino zibiri za kivandimwe mu gihigu ca Indonesie .

Vyavurwa ko Uburundi buzokina na Kenya inkino zibiri za kivandimwe izo nkino zikazobera muri Kenya ariko bihejeje guhinduka izo nkino zizobera mu gihugu ca Indonesie .

Uburundi buzokina n’imirwi ibiri itandukanya aho twovuga urukino rwa mbere ruzoba igenekerezo rya 25 Uburundi buzokina na Indonesie  mugihe urukino rugira kabiri ruzoba igenekerezo rya 28 uburundi  buzoca bukina na Kenya  .

Ivyo bikaba bihejeje kuvurwa n’umumenyereza w’Intamba mu rugamba Etienne Ndayiragije .

Mu misi iri mbere hagiye gutumwako abakinyi bazokina izo nkino zibiri .

Mwomenyako umurwi uzohaguruka igenekerezo rya 20 Ntwarante umwaka wa 2023 .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 321