featured sportfootballintamba murugambakirundikirundi_Sports

# Indundi Sports | UBurundi bwagumye mu kibanza bwarimwo ku rutonde rwa FIFA

Umugwi nserukira gihugu w’uBurundi intamba mu rugamba ntakibanza nakimwe waduze ku rutonde rwa FIFA rwama rusohorwa buri ukwezi .

Mugihe mu kwezi guheze kwa Ndamukiza muri uyu mwaka wa 2020, UBurundi bwari bwafashe ikibanza ca 149 ku rutonde rwa FIFA no mu kwezi kwa Rusama nta cahindutse kubera ikiza Coronavirus .

Mu bihugu vyo mu karere ka CECAFA  u Burundi burimwo nk’u Buganda bwafashe ikibanza c’ 78, Kenya mu kibanza ca 107 , Soudan mu kibanza ca 128 Rwanda mu kibanza c’ 131, Tanzania mu kibanza ca 134, Ethiopia mu ca 146, Sudan y’epfo mu kibanza c’ 168, Djibouti mu ca 184, Somalie mu ca 196 hamwe na Erythée iri mu kibanza ca 205.

Mwomenya ko kw’isi yose umugwi ugifata ikibanza ca mbere aruw’igihugu c’u Bubiligi ugakurikirwa n’ubufaransa hamwe na Brézil.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 669