homepageintamba murugambakirundikirundi_Sports

Uburundi bwatakaje ibibanza 8 ku rutonde rwa FIFA

Umugwi nserukiragihugu intamba mu rugamba watakaje ibibanza 8 ku rutonde rwa FIFA rwama rusohorwa buri kwezi.

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 28 Munyonyo 2019 ishirahamwe rirongoye umupira w’amaguru kw’isi FIFA ryasohoye urutonde rw’ingene imigwi igenda isumbasumbanya ibibanza mu kwezi kwa Munyonyo intamba zikaba zatakaje ibibanza 8, zikaba zisanze mu kibanza ca 151 mugihe mu kwezi kwa Gitugutu intamba zari mu kibanza ca 143. Benshi bakavuga y’uko ukwitwara nabi kw’intamba mu rugamba arivyo vyoba vyatumye Uburundi butakaza ivyo bibanza 8 vyose.

Mu bihugu dusangiye kano karere ka CECAFA nka Tanzania tuyisanga mu kibanza ca 134, Urwanda nabwo tubusanga mu kibanza ca 131, Kenya ikaba iri mu kibanza ca 106 , mugihe Ubuganda tubusanga mu kibanza ca 77.

Mwomenya ko igihugu gifata ikibaza ca mbere kw’isi kikiri Ububirigi bugakurikirwa n’Ubufaransa hama hagaca hakurikira Brézil.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 884