abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

#Indundi Sports| Uburundi bwatakaje ikibanza kimwe muri FIFA

Ku rutonde rwama rusohorwa ku kwezi n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA, rwerekana y’uko Uburundi bwatakaje ikibanza kimwe muri uku kwezi kwa Myandagaro rukaba ruri mu kibanza c’141 mugihe mu kwezi kwa Mukakaro rwari mu kibanza c’140.

Mu bihugu vyo muri kano karere nka Uganda twayisanze mu kibanza ca 90 , Kenya tuyisanga mu kibanza c’102 , Tanzania mu kibanza c’131 , mu gihe Urwanda narwo rwisanze mu kibanza c’136.

Mwomenya ko igihugu kiri kw’isonga kw’isi ari igihugu ca Brezil, kigakurikirwa n’Ububirigi hamwe na Argentine .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 321