abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Ukuri ni ukuhe ku coba catumye Saido Ntibazonkiza na bagenziwe badahamagarwa mu Ntamba mu rugamba

Ico Saido Ntibazonkiza na bagenzi biwe bokwihutira gukora ngo ni ukuvugana na Staff y’Intamba mu rugamba kugira barabe ko icoba catumye badahamagarwa mu murwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba  kitoba ari ugusiba mu nkino zibiri za kivandimwe ziheruka guhuza Uburundi na Indonésie .

Abakinyi b’intamba mu rugamba nka Saido Ntibazonkiza, Cedric Amissi , Frédéric Nsabiyumva hamwe na Mohammed Amissi ntibahamagawe mu rutonde rw’abakinyi 29 bagiye kwitegurira urukino rwo kuronderera itike rya CAN 2024 izobera muri Côté d’Ivoire ruzobahuza na Namibia kw’igenekerezo rya 20 Ruheshi 2023 .

Biravurwa ko amakosa ya bano bakinyi ashobora kuba ari aya akurikira naho tudafise ivyemezo bikwiye 100% :

1) Saidi Ntibazonkiza: Uwo mukinyi mu nkino zibiri za kivandimwe zabaye mu mwaka uheze 2022 zahuje Uburundi na Côté d’Ivoire hamwe na Guinée Conakry -23 ntiyigeze yitabira ubutumire bw’Intamba mu rugamba kumvo zidasiguritse . Yasubiye kandi gutimirwa mu nkino zibiri za kivandimwe zahuje Intamba mu rugamba na Indonésie muri uno mwaka wa (2023) , aranka kuza kuzikina kumvo z’uko yoba afise urukino rwa Simba Sc mugihe bagenzi biwe bakinana nabo nyene bari batumiwe n’imirwi nserukira gihugu yabo kandi bitabiriye ubutumire, ariko ica babaje benshi nuko uwo mukinyi baciye bamubona mu Buyenzi ku kibuga ca Saint Augustin ariko akinana n’abandi bakinyi ibinugwa nugwa KO bishora kuba arivyo vyatumye Staff y’Intamba mu rugamba hamwe na FFB babona ko yabasuzuguye ndetse asuzugura bagenzi biwe ndetse n’Abarundi bose muri rusangi .

2) Cedric Amissi : Uwu nawe mu nkino zibiri za kivandimwe zahuje Intamba mu rugamba na Côté d’ivoire hamwe na Guinée Conakry -23 mu mwaka wa ( 2022) ntiyabonetse muri izo nkino nawe nyene , bikavugwa ko yoba yatanze imvo zitumvikana . Si ivyo gusa ntiyigeze yitabira n’inkino zibiri za kivandimwe zahuje Uburundi na Indonésie aho yasiguye ko afise ibibazo vy’umuryango , bukeye bwaho hari aboba baramubonye mu Rwanda no mu Burundi ibivugwa KO  vyoba arivyo vyashavuje Staff Nshasha y’Intamba mu rugamba ndetse n’indongozi za FFB n’abarundi muri rusangi .

3) Frédéric Nsabiyumva : Uwo nawe ni gake atitabira inkino z’Intamba mu rugamba , ariko muri kino gihe ngo yoba yaranse kuza gukina inkino zibiri za kivandimwe na Indonésie kumvo z’uko yariko araba ingene yimura umuryango wiwe mu gihugu ca Suede , ariko amatwi ansumira ngo insuguro yatanze ngo nawe nyene yoba itumvikana bivanye n’amatohoza yakozwe .

4) Mohammed Amissi : Uwo nawe muri za nkino zibiri za kivandimwe zahuje Uburundi na Indonésie , mu kiganiro Umumenyereza Mukuru w’Intamba mu rugamba Etienne Ndayiragije yari yakoranye n’abamenyeshamakuru imbere yuko avuga urutonde rw’abakinyi bazokwitegurira izo nkino yari mu rutonde , ariko ikosa yakoze yaciye asimbira ku rubuga ngurukanabumenyi rwiwe uwo musi nyene yandika ko atazoboneka muri izo nkino zibiri bivanye n’uko atameze neza ijana kw’ijana ( 100%) , ivyo benshi ntibabishimye kuko babona ko yoba yabeshuje Umumenyereza . Ikindi gishobora kuba catumye uwo mukinyi adahamagarwa ni urugero rwiwe rwagabanutse kuburyo buteye ubwoba kuko no muri Portugal atagikinishwa.

Bivanye n’iyo nyifato y’abo bakinyi ngo Staff y’Intamba ifadikanije na FFB baciye bafata ingingo yo kudasubira kubatumako narirya hari abama batumweko ariko ntibitabire ubutumire .

Bukavugwa ko Intumbero y’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB ngo ari ugukinisha abasore bakiri bato kandi bafise indero .

Uwahoze ari Kizigenza w’Intamba mu rugamba akaba ari no muri Staff y’Intamba mu rugamba Vallery Nahayo wewe yanditse kurubuga ngurukanabumenyi rwa Facebook yiwe mu avuga ko ata mukinyi mukuru asumba umurwi .

Benshi mu bakunzi b’inkino ba hano iwacu na cane cane abakunda abo bakinyi basaba ko abo bakinyi boraba ingene bokwegera Staff nshasha y’Intamba mu rugamba bakaraba ingene boyaga kuri ico kibazo co kudatumwako.

Mukibuka ko Nshimirimana Jospin nawe nyene yigeze kugiranira ikibazo na Staff y’Intamba mu rugamba mu mwaka uheze aho yasize abandi mu gihugu ca Maroc yiyizira i Bujumbura mugihe bari bagisigaje gukina urukino rumwe rwari kubahuza na Guinée Conakry -23.

 

Mwomenya ko hamaze gushirwaho amategeko mashasha y’umurwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba uwuzoyarengako azohanwa hisunzwe amategeko .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 321