CAN2019featured sportfootballgroups-at-messageInfrastructuresInkinointamba murugambakirundi_Sportsprimus ligueSportsport videos

# Indundi Sports | Ulimwengu Jules yaguzwe na Gormahia

Umukinyi w’umusatirizi w’umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba z’abatarenza imyaka 23 Ulimwengu Jules yaguzwe n’umugwi Gormahia wo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Kenya .

Jules Ulimwengu akaba ubwambere yari yaguzwe n’umugwi Futuro King wo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Guine Equatorial mu kiringo c’amezi 3 ariko ntiyigeze ayikinira kumvo z’ ikiza ca Corona virus . kuri uyu wa Mbere Igenekerezo rya 21 Nyakanga 2020 yaciye ashira umukono Ku masezerano yo gukinira umugwi Gormahia wo muri Kenya mu kiringo c’imyaka 2.

Gormahia Fc akaba ari umugwi ukomeye kandi ufise ibikombe vyinshi gusumba iyindi migwi yo muri Kenya .

Umaze gukinamwo abakinyi b’abarundi nka Nizigiyimana Abdoul Karim Makenz hamwe na Moustapha Francis Njali .

 

Mwomenya y’uko Ulimwengu Jules mu mwaka wa 2018 niwe yatowe nk’umukinyi yinjije ibitsindo vyinshi mu gihugu c’Urwanda akaba yarangije ihiganwa afise ibitsindo 20

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 328