abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sportsprimus ligue

# Indundi Sports | Umugenduzi wa CAF Amadou Issaka yishikiye mu Burundi kugenzura ibibuga

Umugenduzi wa CAF ajejwe kugenzura ibibuga mpuzamakungu Amadou Issaka ari mu Burundi.

Uwo mugenduzi akaba yatanguriye i Bujumbura ku kibuga Intwari kiri mu gisagara bivurwa y’uko ibikorwa vyo kugisubiramwo bizoba mu misi iri mbere.

Mamadou azoca abandaniriza urugendo rwiwe mu ntara ya Ngozi ku kibuga Urukundo munyuma ace yerekeza mu ntara ya Gitega ku kibuga c’itankoma.

Intumbero nyamukuru y’urugendo rwa Mamadou Issaka niyo kugenzura ivyo bibuga kugira hamenyekane ibikenewe kugira bikwize ibisabwa n’amategeko ya FIFA hamwe na CAF.

Mwomenya ko gushika muri kino gihe igihugu c’Uburundi kitagira ikibuga mpuzamakungu gikwije ivyangombwa vya CAF na FIFA.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 321