homepageComediesintamba murugambakirundikirundi_SportsYvan muziki

Umugwi Aigle Noire uriteguriye neza Intamba Day

Intamba mu rugamba zizotana mu mitwe n’umurwi uzoserukira uburundi mu mahiganwa ya Champions league yo muri Afrika, kw’igenekerezo rya 31 Rusama 2019 mw’ihiganwa ryo guterera Intamba kuva ku bihumbi bitanu kuduga ryiswe Intamba day.

Aigle noire ni umurwi wanditse amateka adasanzwe mu gutahukana ibikombe bitatu uno mwaka (igikombe c’ubumwe,igikombe ca Primus ligue hamwe n’igikombe c’ihiganwa ry’umukuru w’igihugu)

Intamba mu rugamba ziteguriye guhuza ubwayi naba Fighters mu rukino rudasanzwe ataraho gutuma umwana i Bujumbura mu mpera za kuno kwezi. Imyimenyerezo bayitanguye kuri uyu wa kabiri isaha umunani ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore hari kw’igenekerezo rya 14 Rusama 2019.

Umurwi Aigle noir watwaye ibikombe bitatu kanatsinda utunganijwe neza kuva hasi gushika hejuru bakabikesha ubwira n’ubukerebutsi bw’uwatanguje uwo murwi .

Uyo murwi w’i Makamba , ufise abakinyi bakomeye ku mpande zose, bakina bahanahana ,bafise indero ivyo vyose bigaterwa nuko abamenyereza babo bari ku rwego rwo hejuru ku buryo naho umukinyi yogenda ahandi asubirizwa neza ukamenga ntacahindutse akarorero ka hafi ni kubakinyi Shaka Bienvenue ageze muri Tunisie n’a Kanakimana Bienvenue abarizwa muri USA akaba aribo baheruka gutahukana agashimwe kuwatsinze vyinshi mu gikombe ca Primus ligue muri ino myaka ibiri irangiye y’inkino.

Abakinyi nka Aime Fales Ndizeye , Hitimana Hamza ,Benjamin Gasongo , Nzojibwami John Franck,Mabano Shabani n’a Jospin Nshimirimana barahiye bararengwa ko batazotsindwa n’intamba mu rugamba kuruyo musi aho babona kubwabo ko ari umusi wo kwerekana ko batwaye ibikombe babikoreye kandi bamaze gukomera bagahumuriza abakunzi ba Aigle noir b’i Makamba no mu gihugu cose ko uwo musi bazotaha bahimbawe.

Abakinyi bashasha tutari bwabone bazoboneka muri urwo rukino ku ruhande rw’intamba

Urwo rukino ntirusanzwe ku murwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba ukinamwo abakinyi bo hakurya y’amazi kiretse Youssouf Nyange n’a Rukundo Onesime bakina mu gihugu cacu ,bose bazoba baakeneye gutorwa mu bakinyi 23 bazokina igikombe ca Africa
Amissi Cedric,Fiston Abdulrazak, Pierrot n’a Saido Berahino ku ntererano yawe uzobabona amaso muyandi .

Tubibutse ko benshi mu bakinyi baciye mu ntamba mu rugamba kuva muri 2006 nka Tambwe Amissi akina muri Young Africans ,Arthur Arakaza muri Lusaka Dynamos, Caleb Bimenyimana muri Riga FC muri Lettonie I bulaya ,Bienvenue Shaka muri Espérance de Tunis,Kanakimana Bienvenue muri Major League soccer muri leta zunze ubumwe bw’amerika bamuka muri Aigle noir The fighters.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 884