abakinyi bakina hanzefootballkirundi_Sportsprimus ligue

# Indundi Sports | Umugwi Flambeau du Centre waraye usezereye Ittihad Tripoli yo muri Libiya

Umugwi Flambeau du Centre waraye wanditse amateka mu gusezera umugwi Al Ittihad wo muri Libiya.

Hari kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 18 Nyakanga 2022, aho umugwi Al- Ittihad Tripoli wo muri Libia wari wakiriye umugwi Flambeau du Centre mu rukino rwo gusubiriza rwa CAF Champions League, urwo rukino rwarangiye Al Ittihad yirahiye Flambeau du Centre ibitsindo 2-1 , naho vyarangiye uko umugwi Flambeau du Centre niwo waciye ubandanya bivanye n’igitsindo waraye utsindiye muri Libiya

Mwibuke y’uko urukino rwo gutangura Flambeau du Centre wari watsinze Al Ittihad igitsindo 1-0 , mu nkino zibiri iyo migwi yahuye , yaciye inganya ibitsindo 2-2.

Abakinyi ba Flambeau du Centre baciye batahukana imiriyoni 30 bari bemerewe n‘uwurongoye uwo mugwi Umugwizatunga Kazohera Vénerand , aho yababwiye y’uko ni baramuka basezerera uwo mugwi azobaha agashirukabute k’imiriyoni 30.

Flambeau du Centre ukaba ukoze amateka aheruka gukorwa kera bivanye n’uko hari haciye igihe kinini cane Uburundi butaronka umugwi urengana mu nkino zigira kabiri ( Deuxième tour) , mu nkino za CAF Champions league canke Confederation Cup.

Uwo mugwi uhurikiye muri Academy le messager uzoca uhura na Zamaleck wo muri Egiputa mu rukino rukurikira.

Mwomenya ko igitsindo ca Flambeau du Centre cinjijwe na Gilbert Tuyihimbaze alias Bibe, ni nawe yari yinjije igitsindo mu rukino rwa mbere.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 321