abakinyi bakina hanzefootballkirundikirundi_Sportsprimus ligue

#Indundi Sports| Umugwi Tigre Noir ugiye kumenyerezwa n’umuzungu

Inyuma yo gusezererwa mu mahiganwa ya Cambiasso Cup yari amaze imisi ariko abera mu gisagara ca Dar Es Salaam mu gice ca kabiri gishira icanyuma , Umugwi Tigre Noir the Warriors wo mu Ruyigi wahisemwo kuzana umumenyereza w’umunyamahanga.

Oleksiy Godin w’imyaka 39 y’amavuka niwe agiye kumenyereza uwo mugwi , akaba yamuka mu gihugu ca Ukraine. Oleksiy Godin yabanje gukina umupira w’amaguru nk’uwabigize umwuga , mu nyuma aca ahitamwo kwibera umumenyereza .

Amaze kumenyereza imigwi ya MFK Metalurg , Rukh Lviv hamwe na Kremi yo mu gihugu ca Ukraine.

Tigre Noir ikaba ihambije mukuru wayo Aigle Noir Cs nawo nyene usanzwe ufise umumenyereza w’umunyamahanga yamuka mu gihugu ca Espagne.

Mwomenyako Oleksiy Godin ari umumenyereza afise Licence B ya UEFA.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 674