DiasporahomepageJusticekirundikirundi_SportsMédiasWorld News

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura yarihiye itike Asman Mackalister yo kuja mu Misiri

Umwe mu bakunzi bakomeye b’umugwi nserukiragihugu w’intamba mu rugamba ariwe Asman benshi bazi kw’izina rya Mackalister yamaze kuronka itike yo kuja mu Misiri gushigikira umugwi nserukira gihugu w’intamba mu Rugamba mu mahiganwa ya CAN 2019.

Kuwa gatandu uheze igenekerezo rya 08 Ruheshi umwaka wa 2019, isaha icenda z’umurango ku kibuga ca Soquartier kiri ku Musaga niho haba urukino rwa kivandimwe rwahuza umugwi wa AJS hamwe na Kidahaga FC rwari rwatumiwemwo umukuru w’igisagaca ca Bujumbura Freddy Mbonimpa, urwo rukino rukaba rwarangiye Kidahaga itsinze AJS ibitsindo 2 ku 0.

Inyuma y’urwo rukino umu ambassadeur w’abakunzi b’intamba mu rugamba Asman Mackalister yasavye umukuru w’igisagaca ca Bujumbura y’uko yomushigikira mu kumuterera itike yo kuja mu Misiri nk’umurorerezi maze nawe aca amuha ibahasha ry’amafaranga angana n’umuriyoni umwe n’ibihumbi amajana atanu (1.500.000Fbu)

Asman Mackalister ibintu vy’uburorerezi akaba yarabigize nk’umwuga mbere akanabihemberwa mu gihugu c’Urwanda aho akorera umugwi APR FC kubera ko ari umwe mu barorerezi afise ububasha bwo gutera induru ari wenyene gushika aho n’abari inyuma y’ikibuga bamwumva.

Mukamenya y’uko imbere yo kuja gukorera akazi k’uburorerezi bwiwe mu gihugu c’Urwanda yahora ari umurorerezi akomeye w’imigwi ya Academie Le Messager gushika n’ubu naho yagiye kuronderera ubuzima muri ico gihugu c’Urwanda

What's your reaction?

Related Posts

1 of 875