intamba murugambaInkinokirundi_Sportsprimus ligueprimusic-burundiUncategorized

# Indundi Sports | Umumenyereza wa Aigle Noir yahawe akazi gakomeye mu mwaka uza

 


Inyuma y’ itahukanwa ry’igikombe c’Ihiganwa rya Primus league ry’umwaka wa 2019 ushira 2020 , uburongozi bwa Aigle Noir The Fighters bwahaye iigikorwa kidasanzwe umumenyereza wayo wa mbere bunamusaba gukurikiza intumbero y’indongozi ibisabwa navyo vyose bikazotangwa .

Ivyo uburongozi bwasavye umumenyereza mu mahiganwa y’umwaka wa 2020-2021 akaba ari ibi bikurikira:

1) Gufata ikibanza ca mbere

2) kugira ba myugariro bambere binjijwe ibitsindo bike

3) kugira abasatirizi ba mbere binjije ibitsindo vyinshi

4) Gutwara igikombe citiriwe umukuru w’igihugu

5) Gutwara igikombe ca Tanganyika Cup

6) Gutwara igikombe c’ubumwe

7) Gutwara igikombe igikombe citiriwe Umuhisi Imboneza Nkurunziza Makamba 2020

8) Gusohora abakinyi bake 5 mu mwaka w’inkino 2020-2021.

Mwomenya ko umumenyereza wa Aigle Noir the Fighters muri kino gihe ari uwitwa Niyinkuru Gustave akaba yasubiye Joslin Bupfubusa yahawe akaruhuko abwirwa ko azogaruka mw’ihiganwa ry’umwaka wa 2020 gishira 2021.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 338