abakinyi bakina hanzefootballkirundi_Sports

# Indundi Sports| Umurundikazi Cynthia Ishimwe yahagarikiye inkino za Beach Soccer yakejwe na CAF

Cynthia Ishimwe umuhagarikizi w’umurundikazi wa mbere mu mateka y’inkino zo kumusenyi (Beach Soccer ) yashoboye gukezwa n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Africa CAF.

Cynthia yaraye yanditse amateka mu kuba umuhagarikizi wa mbere w’umukobwa yakinishije urukino rwa CAN y’imigwi y’abakinyi b’abahungu bakina kumusenyi iriko ibera muri Mozambique.

Uwo muhagarikizi w’umurundikazi yahagarikiye urukino rwahuje Sénégal na Madagascar igenekerezo rya 24 Gitugutu 2022 aca avyitwaramwo neza ivyatumye CAF ishima ubusifuzi bwiwe .

Cynthia akaba abaye umuhagarikizi agira kabiri w’umukobwa ahagarikira inkino za CAN yo kumusenyi inyuma y’umunyarwandakazi Salima Mukansanga wewe yari yahagarikiye CAN y’umupira w’amaguru .

Uwurongoye igisata c’abahagarikizi muri CAF Noumandiez Doue akaba yavuze ko bishimira cane intambwe Cythia yashitseko kuko irakomeye

Ishimwe Cynthia wewe akaba yavuzeko ivyo yashitseko abikesha CAF bivanye n’uko yamuteguye bikwiye .

Cynthia akaba yagize ati: ‘’ Igihe namenyeko nza kusifura muri AFCON yo kumusenyi sinashoboye guhisha umunezero wanje mfise , ni amahirwe gutorwa ngo nze mpagarikire inkino za CAN z’urukino rwo kumusenyi kandi ndi umwigeme .

Mwomenyako izo nkino za CAN zo kumusenyi ziriko zibandanya mu gihugu ca Mozambique .

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 320