abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

#Indundi Sports| Urwanda ntirugitwaye umukinyi Ndizeye Samuel

Inyuma y’aho twari twabamenyeshereje y’uko umugwi nserukira gihugu w’Urwanda Amavubi wamaze guhamagara umurundi Ndizeye Samuel kugira aze kuwukinira, birangiye uwo mukinyi atagikiniye Urwanda.

Impamvu yatumye Ndizeye Samuel amaze gukinira Intamba z’abatarenza imyaka 17 na 20 adakinira Urwanda ni ikibazo c’ivyangombwa .

Vyari bitegekanijwe ko ivyangombwa vy’uwo mukinyi w’inyuma wa Rayon Sports yamuka mu Burundi, bitangwa n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB ariko bikaba birangiye uwo mukinyi asubirijwe na Bishira Latif akinira As Kigali .

Samuel yakiniye imigwi ya hano iwacu nka Les Guepiers du Lac , Buja City , Athletico Olympique hamwe na Vital’o Fc.

Ni akaryo keza rero k’abamenyereza b’umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba kuzomuhamagaza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 321