footballkirundi_SportsSport

# Indundi Sports | Uwari arongoye LLBS4A yaraye aryamiye ukoboko kw’abagabo.

 

 

Umukinyi wa kera w’umupira w’amaguru akaba n’umunonotsi ku metero ijana Ndikuriyo David batazira Maras yaraye aryamiye ukoboko kwa bagabo kuri uyu w’imana igenekerezo rya 7 Ntwarante 2021.

Ku kagoroba kuri uwo munsi niho vyamenyekana y’uko yasezeye isi ahitanywe n’ingwara yaramaranye igihe gitari gito imubangamiye akaba yarivuje no ku mugabane wa Aziya .

Uwo muhisi yari asanzwe ari Musitanteri wa komine Mabanda ihana urubibe na Kigoma muri Tanzania.

Ndikuriyo David ni umwana avuka ku bavyeyi umwe akaba yari Pasitori. Kuva akiri muto niho yatanguye guhurumbira inkino akaba yari yiga ahahoze ishure ENE mu mwaka w’indwi. Uwo nyakwigendera yari akaze cane mu kwiruka imetero 100 mu rukino rwo gusiganwa bita mu kinyamazuru Athletisme ariko ntiyabibandanije kubera ko mu maraso iwe yiyumvamwo cane urukino rw’umupira w’amaguru ari naco gituma yahisemwo gukina muri Rumuri akabifadikanya n’ivyirwa mu gisata c’ubutunzi ISCO muri kaminuza y’uburundi . Kubari bazi Mars bemeza ko yakunda cane Umugwi Manchester United wo mu bwongereza .

Ndikuriyo David alias maras avukana na Habimana Aimable batazira Marandura King asanzwe ari icegera c’uwurongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB akaba ari nawe bakoranye cane mu mu burongozi bw’umurwi LLBS4A kuva mu mwaka wa 2009.

Uwo muhisi asize umugore n’abana batatu (umuhungu n’abigeme babiri).

Ikigandaro kiriko kibera ku rugo iwe muri zone kinindo mu kibenga kw’ibarabara riri hepfo ya Busapan ku nimero 14 .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 314