Ubuyobozi muvy’ubuhinga mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB bwaraye bufasha ingingo yo kudasubirira kwemerera umumenyereza uwariwe wese ataciye mu vyigwa bimuha uburenganzira bwo kuronka Licence C ya CAF kuba umumenyereza mukuru w’umugwi uri mu cicaro ca mbere mw’ihiganwa rya Primus league ry’umwaka wa 2020-2021.
Miburo Aboubakar nawe yari icegera ca Bagumako Amissi muri Rukinzo Fc yabitomboroyemwo kuko yaciye agenwa nk’umumenyereza mukuru w’uyo mugwi kubera ko afise Licence C ,mugihe uwo amukuriye yaciye aba icegera ciwe.
Uko ari babiri bakaba barakoranye neza mu nkino zo gusubiriza z’ihiganwa rya Primus league 2019-2020 ndetse baranashikana Rukinzo Fc mu rukino rwanyuma (Finale) rw’igikombe citiriwe umukuru w’igihugu rwabahuje na Musongati Fc ivyatangaje abantu batari bake .