abakinyi bakina hanzefeatured sportfootballhomepagekirundikirundi_Sportsprimus ligue

# Indundi Sports | Warren Chebby yazanye Ahmed Ouattara muri Bumamuru

 

 

Inyuma yo kugirwa umuhinga muri Bumamuru(Consultant), umurundi Ndayishimiye Warren Chebby yaraye azanye umukinyi mushasha akina hagati avuye muri Diable Noirs wo muri Congo Brazzaville.

Ahmed Ouattara yatanguriye kw’igeragezwa mu mugwi wa Real d’Afrique wo muri Treichville , mu mwaka wa 2011 aca asinya muri Stade d’Abidjan, inyuma y’aho yaciye aja muri Maroc mu mugwi wa Tas ahakina umwanya muto aca yimukira mu wundi mugwi witwa Tiznit wo muri Maroc nyene. Avuye muri uwo mugwi yaciye asinya mu mugwi Itiandi Raidi wo muri ico gihugu nyene ca Maroc .

Si aho gusa yakinye yashoboye no gukina muri Ethiopie mu mugwi wa Barda Kenema hama mu mwaka wa 2020 yaciye yerekeza mu gihugu ca Congo Brazzaville mu mugwi Diable Noirs.

Ahmed Ouattara avuka muri Côté D’Ivoire aje gukinira umugwi Bumamuru ariwo watahukanye igikombe c’Umukuru w’igihugu ninawo uzoserukira Uburundi mumahiganwa ya CAF Confédération Cup.

Mwomenyako uwo mukinyi yagoye cane umugwi Bumamuru Fc mu mwaka uheze mugihe bari bahuye mu nkino za CAF Conderation Cup , ibishobora kuba arivyo vyatumye uwo mugwi umwipfuza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 896