abakinyi bakina hanzeBasketballkirundi_Sports

# Indundi Sports | Young Sisters yasubiye gutakaza urukino

Umugwi wa Basketball w’abigeme Young Sisters waserukiye Uburundi mu mahiganwa Zone ya 5 ariko abera kwa Mukapa indoor Stadium i Dar es Salaam mu gihugu ca Tanzania waraye usubiye kandi gutakaza urukino rugira kabiri inyuma yo gutsindwa na KPA yo muri Kenya ku manota 42 kuri 69 mu rukino rwa mbere.

Kuri uyu wa kabiri waraye uheze igenekerezo rya 27 Nyakanga 2022 , uwo mugwi waraye utsinzwe kandi n’umugwi wa REG ku manota 65 kuri 54.

Bikavurwa y’uko kuri uyu wa kane igenekerezo rya 29 Nyakanga 2022 , uwo mugwi Young Sistes uzosubira utane mu mitwe mu rukino rugira gatatu n’umugwi wo mu gihugu ca Egypt .

Mwomenyako uwo mugwi Young Sisters uriko ukinisha abakinyi 10 gusa mu gihe iyindi migwi iriko ikinisha abakinyi 12. Imvo n’uko abakinyi 2 bari bitezwe kuza gufasha uyo mugwi bitakunze ko bashika mu gihugu ca Tanzania ahariko habera iryo higanwa.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 301