DiasporaDon BrigtherhomepageJusticekirundiMédiasMiss EricaParcemprimusic-burundiPrimusic2019societe

Ubufaransa bwaraye bwemeye gutanga François Compaoré

Ubufaransa bwaraye bwemeye gutanga François Compaoré kugira ngo ajanwe muri Burkina Faso gucirwa urubanza rujanye n’igandagurwa ry’umumenyeshamakuru Norbert Zongo mu mwaka w’1998.

Kuri uyu wa gatatu waraye uheze igenekerezo rya 5 Kigarama umwaka w’2018 niho Ubufaransa bwafata ingingo y’ukurungika François Compaoré umuvukanyi w’uwahoze ari Perezida wa Repubirika ya Burukina Faso Blaise Compaoré mu ntumbero y’ukuja gucirwa urubanza mu gihugu c’iwe rujanye n’igandagurwa ry’umumenyeshamakuru Norbert Zongo hari mu mwaka w’1998.

Ingingo y’ugutanga François Compaoré kugira ngo ajanwe mu gihugu ciwe abone kubandanya gukurikiranwa kuri iyo dosiye ikaba yafashwe na Sentare isubiramwo imanza yo mu Bufaransa inyuma y’aho Parake nkuru ya Repubirika y’Ubufaransa imenyeshereje ko vyoba vyiza François Compaoré arungitswe muri Burkina Faso kugira abe arico kimucira urubanza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 747