BurundiAkes DonEntertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasaniPassportUnicef Burundi

Wawa yahambije abandi kwa Big Fizzo

Naho muri Bantu bwoy ataco barabivugako bwite, Wawa wewe aremeza ko ubu abarizwa muri uwo muryango w’abaririmvyi, ubazwa Big Fizzo.

Mu kiganiro Be news, Spok’s yemeza ko Wawa yamubwiye ko ubu atakibarizwa muri Kim Frans Records, ahubwo abarizwa muri Bantu Bwoy.

Mu kiyago bagiranye na Wawa, Spok’s akavuga ko yanemeye ko hari ibikorwa ariko arakora, akavuga ko kizoba kimeze neza cane. Nayo ikibazo c’amasanamu, Wawa ngo avuga ko hoba hakiri ikibazo c’uburyo, ariko ngo hari ikiyago kiriko kiraba hagati yiwe na Management nshasha ngo bikunde barabe icokorwa.

Spok’s na Raphael bari baremesheje ico kiganiro bakaba baboneyeho akaryo ko gutera akamo Kimangu Francis yarasanzwe ari umu Manager wiwe, ko nawe yoheza akamuterera kugira abashe kubandanya akora neza.

Wawa akaba ari mu baririmvyi bahagaritse umuziki, kubera ataco bawukuramwo. Ariko mu nyuma bakaba bahavuye bumvikana avuga ko agarutse kandi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775