BurundiAkes DonEntertainmenthomepagekirundimusicPassport

Zimwe mu ndirimbo zagize ico ziha Emelance yazandikiwe na inakuru

N’akababaro kenshi, Emelance arababazwa kuba inakuru yasezeye isi atabonye ico indirimbo yamwandikiye zamumariye.

Indirimbo Yambogorera ngo niyo Emelance emmy akunda gusumba izindi ndirimbo yaririmvye, ivyo akaba aheruka kubishikiriza mu kiyago yagiranye na mugenzi wacu Spok’s man.

Muri ico kiyago, uwo muririmvyikazi asanzwe akora umudiho wa Tradi-moderne, avuga ko iyo ndirimbo hampande yuko yamufashije kuronka ubushimwe butari buke, ngo ifise n’ubutumwa bukomeye cane.

Ubwo bushimwe avuga akaba ari agashimwe k’indirimbo nziza muri afrika y’ubuseruko yaronkejwe na East africa Music Awards mu 2011 muri Kenya, hamwe nak’isanamu ryiza muri 2012 yaronkeye muri Benin.

Emelance akavuga kandi ko ako karirimbo kanamwibutsa uwakanditse, ngo naho atari umuririmvyi ngo yarazi vyinshi mu bijanye n’ukwandika, gituma nuko yakunda kuja mu manza kandi aho yahumvira vyinshi. Uwo nawe akaba ari inarukuru. Kumwandikira akaba atagarukirije aho kuko yanamwandikiye akandi karirimbo yise Kira mama.

Emelance akaba yabandanije avuga ko ababazwa cane ko uwo muvyeyi yagiye atabonye ico izo ndirimbo yamwandikiye zamumariye, kuko umwaka zatanguye kugira ico zimaze ngo yari yaramaze gusezera ino si.

Emelance yahavuye abazwa muri ico kiganiro PPF Show, gica kuri BETV, igituma yahisemwo kuririmba indirimbo zitavuga ivyarivyo vyose, canke ngo zikorwe ukwakirkwo kwose. Uwo muririmvyi akaba yavuze ko yabonye ko ugukora indirimbo zifise imidiho nk’iy’abandi bose ngo ataco bizomufasha na gatoya, niko guca ashima gukora indirimbo zirimwo umudiho kavukire uvanze n’uw’abanyamahanga.

Mwomenya Emelance yanse kugira ico avuga ku bikorwa ariko arakora, ariko akizeza abamukurikirana ko hari ibikorwa ariko arakora, ngo abantu babandanya bamuhanze amaso, kuko hari ibiri inyuma.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775