abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

#IndundiSports| Ama Komine 119 yose akwiye guterera kugira ikibuga c’Intwari gisanurwe

Ikomine yose yo mu gihugu c’Uburundi ikwiye guterera kugira ikibuga c’intwari cubakwe.

Ivyo bikaba vyashikirijwe na Honorable Réverien Ndikuriyo asanzwe ari Président d’honneur wa FFB , mugihe yari aramutse akora ibikorwa rusangi n’abanyagisagara ca Bujumbura kuri ico kibuga nyene ku musi wa gatandatu uheze igenekerezo rya 08 Gitugutu 2022.

Mu majambo Honorable yashikirije yavuze y’uko ama komine yose agize igihugu cacu ashika kuri 119 akwiye guterera nayo nyene kugira ico kibuga kizohora cakira inkino mpuzamakungu cubakwe.

Mwomenyako iyo ntererano y’ayo makomine 119 azoba yiyongereye ku yandi mashirahamwe n’abagwizatunga bamaze guterera kugira ico kibuga cubakwe.

Ikiganiro cose ni ngaha 👇🏿👇🏿👇🏿

What's your reaction?

Related Posts

1 of 321