abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

#IndundiSports| Hussein Tchabalala abandanya yerekana y’uko ari umusatirizi akomeye mu Rwanda

Umukinyi w’umusatirizi w’Intamba mu rugamba Hussein Shabani Tchabalala abandanya yigenza neza mu gihigu c’Urwanda .

Hari kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 11 Kigarama 2022 ku kibuga c’i Nyamirambo ,aho umugwi As Kigali wari uramutse wakira umugwi Espoir Fc mu rukino rw’indwi igira 12 rw’ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere mu gihugu c’Urwanda, urwo rukino rwarangiye As Kigali yirahiye Espoir Fc ibitsindo 4 ku 0.

Muri ivyo bitsindo vya As Kigali harimwo ibitsindo bibiri vya Hussein Shabani Tchabalala , ibitsindo yinjije ku munota wa 52 hamwe na 79 .

Uwo mukinyi yaciye akwiza ibitsindo 11 mu nkino 12 amaze gukina mu mugwi As Kigali , akaba ari nawe afise ibitsindo vyinshi kurusha abandi mw’ihiganwa ryo mu gihugu c’Urwanda.

Mwomenya ko Hussein Shabani Tchabalala amaze imyaka ibiri yikurikiranya ariwe atorwa nk’umusatirizi yinjije ibitsindo vyinshi kurusha abandi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 321