abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

#IndundiSports| Umusezero wa Hybride niwo musezero uzoshirwa ku kibuga intwari

Mu gihe abakinyi b’abarundi bari bamenyereye kuza barakinira ku kibuga c’umusezero wa kijambere bita ( Synthetic) , ku kibuga gishasha c’intwari si uko bizoba biri.

Ico kibuga kizoshirwako umusezero mushasha utari umenyerewe hano iwacu , uwo nawo ni uwitwa Hybride ni umusezero uvanze urimwo ubwatsi busanzwe hamwe n’ubwatsi bwa Synthetic.

Ivyo bikaba vyashikirijwe na Honorable Réverien Ndikuriyo aho asaba y’uko ata bantu boza baraza kuwukinirako kuko uwo musezero uzoba wateguriwe kwakira inkino zikomeye gusa.

Mwomenya ko ibikorwa vyo kwubaka ico kibuga bikibandanya aho kuri yu wa gatandatu igenekerezo rya 15 Gitugutu 2022 isaha zibiri zo mugitondo 8h00 uwusanzwe atwara inama Nshingamateka mu Burundi Nyeniteka Gelase Ndabirabe , azoba yishikiye kuri ico kibuga mu ntumbero yo kuhakorera ibikorwa rusangi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 321