featured sportArsenalChelseaComedieshomepageInkinointamba murugambakirundikirundi_SportsYvan muziki

# Intamba U20 zasezerewe n’igihugu c’africa yepfo

Umugwi nserukira gihugu w’Intamba mu rugamba uhejeje gusezererwa n’igihugu ca Africa yepfo mu mahiganwa ya CAN U 20.

Hari kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 08 Ruhuhuma umwaka wa 2019 isakumi n’imwe n’igice (17h30 )mu masaha ya hano iwacu mu gisagaca ca Maradi mu gihugu ca Niger , aho umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba wakina nuw”igihugu ca Africa yepfo , urwo rukino rukaba rwarangiye Africa y’epfo isezereye Intamba mu rugamba Ku gitsindo 1-0.

Ivyo bikaba vyaciye biha Africa yepfo uburengnzira bwo gushika mu gice ca kabiri gishira icanyuma.

Igihugu ca Nigeria kikaba kiri mw’itsinda A n’amanota 7 mugihe Africa yepfo yaciye ikwiza amanota 5. Ivyo bihugu bibiri bikaba vyaciye bironka uburenganzira bwo kwitabira inkino z’igikombe c’isi c’abatarenza imyaka 20.

Mw’itsinda rikurikira naho Senegal yamaze kuronka uburenganzira bwo kubandanya mu gice 1/2 gishira icanyuma mu kuba urindira uwuzotsinda hagati ya Mali hamwe na Ghana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 884