BurundiAkes DonDiasporaEntertainmenthomepagekirundiPrimusic2019

Inyuma y’agacerere yahoramwo Nziza Desirer yasubiriye kw’ikora mu gahogo

Hari haciye igihe kitari gito umuririmvyi Nziza Desirer atagishasha azanye mu muziki ndundi, agacerere yaramazemwo imisi akaba ngo agasohakanye vyinshi, akaba yaje n’akaririmbo gashasha yise “Murasa”.

Murasa akaba ari indirimbo Nziza avuga ko yatuye abavyeyi bose bafise abana b’abakobwa. yitandukanije na bamwe mu bakoresha umugani ngo:” Umukobwa nta mwana” Nziza Desirer we ngo kuriwe ni vyishimo kubona afise umukobwa basa.

Amase yakera ngo ntagihoma urutaro” ku bahora baha amahirwe menshi abana babahungu yo kuba ba samurarwa, Nziza we ngo ni batahure ko igihe kigeze aho baha agateka n’uburenganzira bibereye  umwana w’umwigeme .

Indirimbo, n’ibikorwa vyinshi bikaba arivyo agiye gushitsa ku bakunzi biwe mu misi ya vuba, nayo imvo nyamukuru yari yamutumye atabikorwa vy’umuziki akaba ari uko “Imigere ibiri idatereka yaragihanzwe n’amashure none yaminuje.

Nziza Desire kuva mu mwaka wa 2007 abarizwa Texas mu gisagara ca Dalas akaba ar’umurundi yavukiye mu gisagara ca Bujumbura mu Bwiza, aja kwarukira mu Buyenzi ari naho yatanguriye kuririmba .

Mwokwibukako Nziza Desire yatanguye kuririmba mu mwaka w’ 1995 igihe cari kigambaraye mu gihugu cacu, akaba yatanguranye n’indirimbo “Nkoriki?”

What's your reaction?

Related Posts

1 of 779