BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Iry Tina yasobanuye ivy’ubucuti afitaniye na Paul wa P Square

Ugukundana vyo ngo nta birimwo, ariko ngo n’incuti za hafi cane kandi banafise ibikorwa basanzwe bakorana binarimwo ivy’umuziki.

Mu gihe vyavuzwe cane ko Iry Tina yoba asohokana n’umwe mu bari bagize umurwi P Square, uwo muririmvyikazi yarabihakanye, ariko yemeza ko bafitaniye ubucuti bwa hafi.

Uwo muririmvyikazi asanzwe akorera ibikorwa vyiwe mu gihugu ca Uganda, avuga ko hampavu y’ubucuti basanzwe banafitaniye ngo ni nawe amaze igihe amwandikira indirimbo.

Imwe muzo yavuze ko yamwandikiye, harimwo iyo yaririmbiye ihiganwa rya Miss freindship International aho nawe yabashije kuja guhiganwa.

Iry Tina mu kiyago yagiranye na Buja hit Tv, yavuze ko ubu agiye gukora ivy’ubu Mannequin hamwe n’umuziki abifatanije. Uwo mwuga mushasha ngo niwo wari wamuteye kubanza gushira umuziki hasi ngo bikunde abanze amenyere

Mwokwibuka ko uwo muririmvyikazi yabonetse mu mafoto arikumwe n’uwo muririmvyi wo mu gihugu ca Nigeria, aho vyaboneka ko basa n’abari hafi cane.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775