BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Iry Tina yavuze igihimba araba akamira amate

Iry tina ngo Ibihimba vy’umubiri wiwe ngo ntabikunda kumwe, hari ivyo abona ko birengeje ubwiza. Ariko akemeza ko muri rusangi ataco bagaya ahagaze.

Naho Tina yemeza ko ibiri ku mubiri wiwe vyose ataco bibaye, kuko ahagaze nawe ataco womugaye, uwo muvyeyi w’umwana umwe avuga ko hari ibihimba aravye abona ko biruta ibindi.

Iry Tina ngo igihimba akunda Ku mubiri wiwe ngo n’amabere yiwe hamwe n’amaguru, kuko abiravye abona bisumba ibindi vyose ubwiza.

Yabajijwe Ku kibazo c’igisusu ciwe, avuga ko ubu aho kigeze atari neza cane, ngo kubera cagabanutse, ariko ngo naco agikunda uko kiri.

Zaragabanutse nyene kubera urabizi, hahahahah ariko ndazikunda. Ariko nyene ndi umuntu ataco abaye, nd’umuntu nyene ubonye mpagaze….

Tina akaba ari umwe mu baririmvyikazi basanzwe ari n’abanyamideri kandi babigize umwuga, akaba muri kino avuga ko vyose agiye kubiha ikibanza vyose.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775