BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Iyo hataba Soso K ngo R flow yari guhava aba nka Ntibazonkiza

Iyo hataba umuhisi Soso K, ngo uno musi dushobora kuba tutari tuzi umuririmvyi R Flow, kuko ariwe wa mbere yafashe ukuboko uwo muririmvyi wacu kugira aje muri Studio irya mbere.

Mu Kiyago yagiranye na Kaboss For real mu kiganiro Hangout, uwo muririmvyi yavuze ko imbere yuko aha mu Muziki ngo nawe yatera agapira nka Ntibazonkiza, akaba yaranamaze imyaka 5 mu mugwi wabarizwa muri zone ya Nyakabiga.

R Flow yabwiye Shabir ko ngo Soso K yamufashe ukuboko amwinjiza muri Studio irya mbere, noneho nawe afatiraho.

Inyuma y’ishengero ry’iyo ntwari yakunzwe na benshi, Kadjimunda Rich Florin mwese muzi nka R Flow, ngo yarahatswe guhagarika umuziki kuko uwo muririmvyi niwe yari umuvyeyi wiwe mu Muziki.

R Flow ngo Indirimbo ya mbere yaririmvyemwo ntiyari rwiwe, yari Indirimbo y’abandi baririmvyi batari bake, ariko yinjijwemwo na Soso K ubwiwe, ariko abantu bamumenyera kuri Soso K Never Die, Indirimbo yakunzwe n’abantu batari bake.

Rflow uno musi akaba aharurwa mu baririmvyi bakunzwe Kandi bazi kuririmba n’ukwandika hano iwacu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775